James NIYONKURU usazwe akomoka mu gihugu cu Burundi , akaba asazwe aririmba umudiho wa Gospel,aho yatanguye umuziki muri 2008 , kugeza ubu ageze ku ndirimbo 14 (cumi na ine).
James NIYONKURU yashize ahabona indirimbo yiwe ”NTUTINYE” ,akavuga yuko iyo ndirimbo yayikoze kugira ihanure abantu batuye kwino si y’Imana , akanavuga yuko mu mwuga we wo kuririmba ko intego ye arugushikana kure ubutumwa bw’Imana abicishije mu ndirimbo zihayagiza Imana.
James NIYONKURU kuno mwanya akabaza mu bambere mu Burundi mubaririvyi ba Gospel babikora neza cane , agasaba Abarundi ndetse n’Abanyarwanda kumufata ukuboko kugira ubutumwa bwiwe bugere kure .